Uko wahagera

Real Madrid Yatsindiye Irushanwa ryo muri Esipanye "La Liga"


Zinedine Zidane ni umutoza wa Real Madrid

Florentino Perez yavuze ko Zinedine Zidane ari umuhezagiro w’Imana inyuma yuko ayoboye umurwi wiwe ku ntsinzi ya shampiyona y’igihugu ca Espanye igira iya 34 ku musi wa kane.

Umurwi Real de Madrid watsinze Villareal ibitsindo 2 kuri 1 ku kibuga c’inkino z’umupira w’amaguru ca Alfredo di Stefano ku murwa mukuru, Madrid. Ibitsindo uko ari 2 vy’umurwi Real Madrid vyinjijwe n’umukinyi Karim Benzema.

Florentino Perez yatangaje ko yizeye ko Zinedine Zidane azogumana nabo mu gihe kirekire, amugereranya n’ingabirano y’Imana.

Perez yagarukanye Zidane kumenyereza umurwi Real de Madrid mu mwaka w’i 2019. Yari yafashe akaruhuko inyuma y’uko afashije uwo murwi gutsindira igikombe c’imirwi yabaye iya mbere ku mugabane wa Bulaya incuro zitatu wikwirirkiranya.

Ni intsinzi igira kabiri ya shampiyona ya Esipanye Zidane abonye ari kumwe n’umurwi Real de Madrid. Ubwa nyuma yaheruka gutsinda shampiyona n’umurwi wiwe hari mu mwaka w’i 2017. Yatangaje ko ahimbajwe cane n’intsinzi ya Real de Madrid.

Inkino z’umupira w’amaguru zari zasubiye kubandanya muri Esipanye mu kwezi kwa gatandatu inyuma y’uko zihagaritswe kubera ikiza c’umugera wa Corona.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG