Uko wahagera

Burundi: CVR Urabandanya Gutora Ibisigarira vy'Abishwe mu 1972


Umurwi CVR uriko urazura ibisigarira vy'abahambwe kivunga.

Ibisigarira vy'abantu 12.643 ni vyo umugwi CVR ujejwe kunywanisha Abarundi umaze kwegeranya kuva mu mwaka w'i 2018 hagenywe abakomiseri bashasha bawugize kugeza ubu.

Abababa 11.000 batowe mu ntara za Gitega na Karusi hagati na hagati hashira ubuseruko bw'Uburundi.

Pierre Claver Ndayicariye arongoye CVR yabivugiye mu kiganiro yatunganije i Gitega kuri uyu wa kane. Ndayicariye yanatangaje ko ubu igikorwa gikurikira ari ugutohoza ku ntandaro y'ubwicanyi bwo muri kahise hatanguriwe kubwo muri 1972.

Ibindi kuri iyi nkuru tubishikirizwa n’umumenyeshamakuru w’Ijwi ry’Amerika, Eloge Willy Kaneza.

please wait

No media source currently available

0:00 0:05:00 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG