Uko wahagera

Mali: Umuhungu wa Perezida Yavuye mu Nama Nshingamateka Kubera Imyiyerekano


Muri Mali, umuhungu wa Perezida Ibrahim Boubacar Keita, yatanze imihoho mu kibanza ciwe c’umukuru w’umugwi ujejwe ibibazo vy’umutekano mu nama nshingamateka kuri uyu wa mbere.

Karim Keita yahisemwo gukinjura mu gihe reta ihanzwe n’imyiyerekano y’urutavanako yiyamiriza ivyavuye mu matora y’abashingamateka yo mu kwezi kwa gatatu n’ukwa kane. Ariko kandi abayikora banegura reta ko ivyifatamwo nabi ku kibazo c’imirwi y’intagondwa ihungabanya umutekano w’igihugu. Bavuga kandi ko bababajwe n’uko reta irangwa no kurya ibiturire.

Iyo myiyerekano yarabandanije mu mpera z’iyi ndwi iheze no kuri uyu wa mbere, abayitavye basaba ko Perezida Boubacar atanga imihoho.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG