Uko wahagera

Mali: Ni Kuki Perezida Yakuye Abagize Sentare Yubahiriza Ibwirizwa Shingiro?


Perezida wa Mali Ibrahim Boubacar Keita
Perezida wa Mali Ibrahim Boubacar Keita

Perezida wa Mali, Ibrahim Boubacar Keita, yakuyeho abagize sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro, inyuma y’aho abantu bane biciwe mu myiyerekano yabaye mu mpera z’iyi ndwi.

Keita yavuze kandi ko ashobora gukurikiza ivyasabwe n’ishirahamwe ry’ubutunzi ry’ibihugu vyo mu burengero bwa Afrika, CEDEAO, ryasavye gusubiramwo amatora y’abashingamateka yabaye mu kwezi kwa gatatu kandi yateye impari.

Abakuru b’imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi muri Mali bavuze ko gukuraho abagize sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro bidahagije kugira igihugu kigarukane ituze. Bemeza ko batazohagarika imyiyerekano gushika perezida avuye ku butegetsi.

Abakora imyiyerekano bamye basaba Keita, ari ku butegetsi kuva mu mwaka w’2013, kubuvako. Bamwagiriza kunanirwa guhagarika ubwicanyi bukorwa n’imirwi y’intagondwa no kunanirwa kunagura ubutunzi bw’igihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG