Uko wahagera

Papa Fransisiko Aratewe Agahinda n'Abimukira muri Libiya


Papa Fransisiko yiyamirije uburyo buteye agahinda abimukira babayemwo mu makambi bapfungiwemwo muri Libiya.

Ni mu gihe Papa Fransisiko yariko ahimbaza imisa uno musi ku wa gatatu y’ugutera iteka abahunga ibihugu vyabo barondera kazoza keza kurushiriza mu mahanga. Uno musi ku wa gatatu ni umusi uhimbaza imyaka indwi irangiye Papa Fransisiko agize urugendo mw’izinga rya Lampedusa riri muri ntara ya Sicile mu gihugu c’Ubutaliyano, aho yabonanye n’abimukira bari bahashitse vuba mu bwato bavuye mu gihugu ca Libiya.

Urugendo rwa Papa Fransisiko muri iryo zinga w’italiki 8 z’ukwezi kw’indwi umwaka w’i 2013, rwari urwa mbere yari agize hanze y’i Roma inyuma yuko atowe kuyobora Ekleziya Katolika.

Ni mw’izinga rya Lampedusa, yateye akamo ubwa mbere amakungu k’ukutihoza abimukira. Yasubiye gutera ako kamo uno musi ku wa gatatu ari i Vaticano. Avuga ko yibuka amakuru y’ububabare bw’abimukira babonanye mu mwaka w’i 2013. Papa Fransisiko yatangaje ko abantu badashobora kwibaza uburyo abimukira babayemwo mu bibanza bapfungiwemwo muri Libiya muri iki gihe.

Amashirahamwe aharanira agateka ka muntu yaratohoje dosiye z’abimukira bafatwa ku nguvu, abafatwa bunyamaswa n’ayandi mabi bakorerwa muri ivyo bibanza bugaraniwemwo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG