Uko wahagera

Umupfasoni Yagenwe Kuba Icegera ca Perezida mu matora ya Ghana


Jane Naana Opuko-Agyeman
Jane Naana Opuko-Agyeman

John Mahama yabitangaje ku musi wa mbere. Uwo mupfasoni yagenye, Jane Naana Opuko-Agyeman, abaye uwa mbere kuri tike y’umugambwe ukomeye muri Ghana.

Opoku-Agyeman, afise imyaka 69 muri iki gihe, yahoze ari umushikiranganji ajejwe indero, akongera akaba ari umwigisha muri kaminuza. Yabaye umupfasoni wa mbere yabaye icegera c’umukuru w’ishule kaminuza, “University of Cape Coast” mu mwaka w’i 2008.

John Mahama yavuze ko Opuko-Agyeman ari umuntu yubaha Imana, kandi umwigisha w’akarorero.

Prezida Akufo-Addo n’icegera ciwe, Mahamudu Bawumia, bagenywe icese mu kwezi guheze n’umugambwe wabo, “New Patriotic Party” kugira bazowuserukire mu matora yo mu kwezi kw’icumi na kabiri.

John Mahama yayoboye Ghana hagati y’umwaka w’i 2012 n’umwaka w’i 2017, azohiganwa n’uwamusubiriye, prezida ahari muri iki gihe, Nana Akufo-Addo. Yamutsinze mu matora yabaye mu mwaka w’i 2016.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG