Uko wahagera

Lt. Nkurunziza Kelly Yahawe Ikidari c'Ubutwari mu Burundi


Lt. Nkurunziza Kelly ni umuhungu wa Nyakwigendera Pierre Nkurunziza yahoze arongoye Uburundi
Lt. Nkurunziza Kelly ni umuhungu wa Nyakwigendera Pierre Nkurunziza yahoze arongoye Uburundi

Uburundi bwahimbaje imyaka 58 iheze ico gihugu kironse ukwikukira. Ibirori vyabereye mu ntara zose zigize Uburundi.

Ibirori nyamukuru vyabereye ku kibuga citiriwe Intwari bihagarariwe na Prezida Evariste Ndayishimiye. Umukuru w'igihugu yashimiye bamwe mu barundi bitanze kurusha abandi, ahereye kuri Pierre Claver Ndayicariye arongoye umurwi CVR wo kumenya ukuri n'ukunywanisha abarundi, kandi yararongoye ni umurwi ujejwe gutunganya amatora CENI mu biringo bibiri.

Uwundi ari mu bashimiwe ni Come Manirakiza yatowe nk’umushikiranganji yigenjeje neza mu kwerekana ubutunzi igihugu gifise uyo nawe akaba yari umushikiranganji w’amazi amasoko ntangaguvu ni ubutare n’agataka. Ubu akaba yatowe nk’umushingamateka. Abandi baronkejwe ubushimwe n’abapolisi n’abasirikare harimwo Lieutenant Kelly Nkurunziza umuhungu w’uwahoze ari Umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza akaba yambitswe ikidari c’intwari ahabwa n'agashirukabute k’umuliyoni n’ibihumbi amajana 5 amafaranga y’amarundi. Mu banyamahanga bashimiwe ni uwahoze ari prezida wa Tanzaniya Jakaya Mrisho Kikwete yahawe ikidari c’Intwazangabo naho atari yitavye ivyo birori.

Mu batumire b’iteka muri ivyo birori harimwo uwaserukiye umukuru w’igihugu ca Reta zunze ubunmwe z’Amerika Donald Trump nawe akaba Peter Pharm asanzwe ari intumwa idasanzwe y’Amerika mu karere k’ibiyaga binini. Kiretse mu gisagara ca Bujumbura ibirori vyo guhimbaza imyaka 58 irangiye uburundi buhabuje intahe y’ukwikukira vyabereye ku mirwa mikuru y’intara zose zigize birongowe na ba buramatari bazo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG