Uko wahagera

ONU Yongereye Ikiringo c'Inteko Zijejwe Umutekano muri Mali


Urwego rwa ONU rujejwe umutekano kw'isi rwongereje ikiringo c'inteko zijejwe gucungera umutekano muri Mali. Urwo rwego rugizwe n’ibihugu 15 rwafashe ingingo ata n’umwe avuyemwo ku musi wa mbere y’ukwongereza umwaka ikiringo c’inteko za ONU zijejwe gucungera umutekano muri Mali.

Iyo ngingo imenyesha ico inteko za ONU zijejwe gucungera umutekano muri Mali zizobandanya gushimikirako ari ukwubahiriza ishirwa mu bikorwa ry’amasezerano y’amahoro yateweko igikumu mu mwaka w’i 2015 hagati ya Reta ya Mali, urunani rw’imirwi igizwe n’abarabu n’aba Tuareg bashaka ubwigenge mu buraruko bw’igihugu hamwe n’abarwanyi bashigikiye Reta bazwi kw’izina rya Plateforme.

Iyo ngingo iremera ko hari intambwe zashitsweko mu kiringo c’amezi atandatu arangiye. Yamara rurerekana impungenge ko itebeshwa ry’ugushira mu ngiro neza ry’amasezerano y’amahoro yashitsweko.

Igihugu ca Mali cararanzwe n’umutekano muke kuva mu mwaka w’i 2012, igihe abasirikare batembagaza umukuru yari amaze imyaka 19 ku butegetsi.

Ibibazo vya politike vyakwirikiye vyatumye haba umugumuko w’abarwanyi b’abayislamu n’ibikorwa vya gisirikare vy’igihugu c’Ubufransa vyatujije intagondwa z’abayislamu mu mwaka w’i 2013.

Yamara izo ntagondwa zabandanije gukorera muri Mali. Ico gihugu kirageramiwe kandi n’intagondwa zikorana na Reta ya Kiyislamu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG