Uko wahagera

Sudani y'Epfo Bemeranije ku Kugabangana Ubutegetsi mu Mareta


Abatavuga rumwe muri Sudani y’ubumanuko bahavuye baratera imikono ku masezerano yerekeye igabangana ry’intwaro mu mareta 10 y’ico gihugu. Ni ikibazo gikomeye cari kigisigaye ari intambamyi y’amahoro kuva reta y’ubumwe ishingwa mu kwezi kwa kabiri.

Prezida Salva Kiir hamwe n’uwahoze amurwanya, Riek Machar, ubu ari icegera ciwe bari barananiranywe kwumvikana kw’igabanganya ry’ayo mareta, cane cane ayimburwamwo ibitoro.

Mu ndwi iheze amareta y’Ubwongereza, Norvege na Reta zunze ubumwe za Amerika yari yabasavye ko vyihuta ko hagenwa ba buramatari mu gihe intambara zari zongeye kwaduka mu mareta atagira indongozi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG