Uko wahagera

USA: Itegeko ku Bizohindurwa mu Giporisi Ntirishimisha Bose


Perezida Donald Trump ahejeje gutera umukuno kw'itegeko rivuga ibigiye guhindurwa mu gisata c'igiporisi.
Perezida Donald Trump ahejeje gutera umukuno kw'itegeko rivuga ibigiye guhindurwa mu gisata c'igiporisi.

Perezida wa Reta zunze ubumwe z'Amerika, Donald Trump kuri uyu wa kabiri yateye umukono kw’itegeko rya perezida ry’ibigiye kuzohindurwa mu gisata c’igiporisi. Ni mu gihe igihugu kikiri mu myiyerekano yiyamiriza ubwicanyi n’ivangura rishingiye ku rukoba bikorwa n’igiporisi ku birabure.

Trump yashikirije ko aya mategeko azotuma igiporisi mu gihugu cose gikorana ubuhinga bwo ku rugero rwo hejuru mu gukorera abanyagihugu. Avuga ko abaporisi bazokwigishwa ubuhinga bwo kudakoresha inguvu zirenze mu guhangana n’inkozi z’ibibi.

Muri iryo tegeko, Trump ntaco yavuze ku macakubiri ashingiye ku rukoba aranga abaporisi bamwe bamwe, kimwe muvyo abari mu myiyerekano mu gihugu basaba ko cohagurukirwa.

Umukuru w’inama nshingamateka, Nancy Pelosi, yashikirije ko iri tegeko rya perezida ata nguvu rigira kandi riterekana ivyohindurwa ku butungane bworohereza bamwe hamwe n’ubwicanyi bukorwa n’igiporisi ku birabure.

Hambavu y’iri tegeko, hari ayandi mategeko akiriko arigwa muri Kongere y’Amerika agamije gukuraho umugera w'amacakubiri muri Reta zunze ubumwe za Amerika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG