Uko wahagera

Perezida Macron Yiyemeje Kutazokuraho Ibimenyetso vy’Abaranze Amateka y’Igihugu.


Perezida Emmanuel Macron w'Ubufaransa, ashikiriza ijambo kuri televiziyo ari ku kirimba ca Elysee Palace. Kw'itariki ya 14/06/2020
Perezida Emmanuel Macron w'Ubufaransa, ashikiriza ijambo kuri televiziyo ari ku kirimba ca Elysee Palace. Kw'itariki ya 14/06/2020

Ivyo Prezida Macron yabitangaje ku musi w’Imana mw’ijambo yashikirije abanyagihugu. Yavuze ko Ubufransa butazodohoka mu rugamba rwabwo rw’ukurwanya ikumira rifatiye kw’ibara ry’urukoba. Hari imisi mikeyi inyuma y’imyiyerekano ku mabi akorwa n’abapolisi bifatiye kw’ikumira.

Abantu bashavuye bari mu myiyerekano barasenyuye ivyibutso vy’abantu bagize uruhara mu gihe ca gikoloni n’ukugira abirabure abacakara mu Bwongereza no muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Yamara Prezida Macron yatangaje ko igihugu ciwe kitazozimanganya bimwe mu vyaranze amateka yaco canke ngo gisenyure ivyibutso vy’abantu bashobora kuba baranzwe n’ivyumviro n’imigambi bikumira abandi bifatiye kw’ibara ryw’urukoba.

Yamara, Prezida Macron yaremeye ko Ubufaransa butegerezwa kurwanya ikumira rifatiye kw’ibara ry’urukoba rishobora kugira ingaruka ku mahirwe abantu bashobora kuronka mu buzima bwabo. Avuga ko ingingo nshasha zijanye n’uburinganire hagati y’Abafaransa bose umuntu ataravye ibara ry’urukoba rwabo zizofatwa.

Imyiyerekano y’ukwiyamiriza ikumira rifatiye kw’ibara ry’urukoba n’inguvu z’umurengera zikoreshwa n’igipolisi ku mirwi y’abari ku rushi yabaye mu bisagara bitandukanye vy’Ubufaransa mu ndwi zirangiye. Iyo myiyerekano yatewe n’iyicwa muri Amerika ry’umwirabure, George Floyd igihe yari mu minwe y’igipolisi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG