Uko wahagera

Ibitero vy'Intagondwa Vyahitanye Abasivile 81 muri Nijeriya


Isanamu yerekana amazu yaturiwe n'abarwanyi ba Boko Haram mu micungararo ya Maiduguri, muri Nigeria.
Isanamu yerekana amazu yaturiwe n'abarwanyi ba Boko Haram mu micungararo ya Maiduguri, muri Nigeria.

Abantu 81 ni bo bamaze kumenyekana ko bishwe ku munsi wa kabiri n’intagondwa zishimikiye ku muhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu mu mihana yo mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nijeriya.

Abategetsi bashikirije kuri uyu wa gatatu ko abo barwanyi barashe bongera biruka inyuma y’abanyagihugu bakoresheje imodokari mu gitero cabereye mu mihana y’ahitwa Felo.

Buramatari wa reta ya Borno, Babagana Zulum Umara, yabwiye abamenyeshamakuru ko hari abandi bantu ndwi banyurujwe. Yashikirije ko abapfa bashobora kuzokwiyongera kuko bamwe mu bakomeretse baremvye cane.

Abategetsi bo muri ako gace bashikirije ko ico gitero casa nko kwihora ku ntagondwa z’abayisilamu ziheruka kwicwa n’umurwi w’abanyagihugu wishize hamwe kugira uhagarike ubusuma bukorwa ku bitungwa vyabo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG