Uko wahagera

Chanceliere w'Ubudagi Merkel Yariyamirije Iyicwa rya George Floyd


Chanceliere w'Ubudagi Angela Merkel

Mu Budagi naho, Chanceliere Angela Merkel yariyamirije ku musi wa kane iyicwa rya George Floyd, Merkel yatangaje ko George Floyd yagandaguwe, kandi ko ikumira rifatiye kw’ibara ry’urukoba ari ikintu kigayitse cane.

Yatangaje ko abanyamerika biciyemwo ibice bifatiye kw’ibara ry’urukoba. Abajijwe ku ruhara rwa Prezida wa Amerika, Donald Trump, mu ruhagarara ruri mu gihugu muri iki gihe, Merkel yavuze ko mu gihe we agerageza guhuza abantu, arondera kubanywanisha, uburyo Trump avyifatamwo mu bijanye na politike budahuriweko na bose. Merkel ni umuntu yamye anebagura inyifato ya Trump harimwo kuba nyamwigendako ku bijanye n’ugukorana n’amakungu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG