Uko wahagera

Uganda: Ingaruka Zikomeye za Covid-19 ku Gisata c'Ingenzi


Prezida wa Uganda, Yoweri Kaguta Museveni
Prezida wa Uganda, Yoweri Kaguta Museveni

Prezida wa Uganda, Yoweri Museveni, yatangaje ku musi wa mbere ko igihugu ciwe kizotakaza umuliyaridi n’imiliyoni amajana atandatu y’amadolari ku mwaka y’amafranga cahora kironka avuye mu gisata c’ingenzi. Ivyo bizoba bitewe nuko ingenzi zitakiza mu gihugu kubera ingaruka z’ikiza c’umugera wa Corona. Igisata c’ingenzi ni kimwe mu bikomeye cane vy’ubutunzi bw’igihugu.

Ingenzi ziza muri Uganda kuraba inyamaswa z’ubwoko butandukanye harimwo intare, giraffe, imbogo hamwe n’izindi nyamaswa.

Izindi ngenzi ziza kuraba inguge nini nini zitwa, “Gorilles”mu rurimi rw’igifransa mw’ishamba riri mu bumanuko bushira uburengero bw’igihugu. Ni ku rubibe na Republika ya demokrasi ya Congo n’u Rwanda.

Igihugu ca Uganda caronse imiliyaridi 2 y’amadolari avuye mu gisata c’ingenzi mu mwaka w’i 2017. Ico gihugu cari caronse umuliyaridi n’imiliyoni amajana indwi umwaka w’imbere yaho.

Ikigega mpuzamakungu FMI catangaje mu kwezi guheze ko vyari vyitezwe ko amafranga Uganda ikura mu gisata c’ingenzi agabanuka ibice 54 kw’ijana hagati y’umwaka w’i 2019 n’umwaka w’i 2020.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG