Uko wahagera

USA: Imyiyerekano Yarabandanije mu Gihugu ku musi w'Imana


Imyiyerekano mu gisagara ca Minneapolis, muri Reta ya Minnesota muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika
Imyiyerekano mu gisagara ca Minneapolis, muri Reta ya Minnesota muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika

Abari mu myiyerekano y’ukwiyamiriza ikumira rifatiye ku rukoba barasubiye kwihereza amabarabara mu bice bitandukanye vya Reta Zunze Ubumwe za Amerika ku musi w’Imana. Biyamirije ubunyamaswa bw’igipolisi.

Couvre-feu zarasubiye gutegekwa mu bisagara nka Los Angeles, Houston na Minneapolis vyaranzwemwo uruharara rukomeye cane kurusha mu bindi bisagara.

Abapolisi barahanganye n’abari mu myiyerekano mu bisagara bitari bike mu gihe hari ayandi makuru yerekeye ugusahura mu mamangazini muri ivyo bisagara.

Harabaye iyimdi myiyerekano ikomeye mu bisagara nka Miami, Washington DC aho igipolisi cari cagize umurongo hanze y’ibiro vya prezida, Maison Blanche.

Iyo myiyerekano yatewe n’iyicwa ku musi wa mbere w’iyi ndwi turangije ry’umwirabure w’umunyamerika, George Floyd, ryakozwe n’igipolisi mu gisagara ca Minneapolis, muri Reta ya Minnesota.

Iyicwa ryiwe ryatumye abantu bashavuye bihereza amabarabara mu bice bitandukanye vya Amerika. Biyamiriza inguvu z’umurengera zikoreshwa n’igipolisi ku birabure b’abanyamerika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG