Uko wahagera

Somaliya:Bombe Yatezwe kw'Ibarabara Yahitanye Abantu 8


Somaliya kw'ikarata
Somaliya kw'ikarata

Abasivile 8 bishwe igihe minibisi barimwo yaseka bombe yari yatezwe kw’ibarabara hanze y’umurwa mukuru wa Somalia, Mogadisho mu gitondo co ku musi w’Imana.

Abdullahi Ahmed yatangaje ko iyo mpanuka yabereye ahitwa Hawa Abdi hafi y’umurwa mukuru, Mogadisho.

Avuga ko igitigiri c’abapfuye gishobora kwiyongera kubera benshi mu barokotse bakomeretse bikomeye.

Ntawiyitiriye buno nyene ico gitero. Yamara umurwi w’intagondwa z’abayislamu, al-Shabab ukorana n’bumurwi al-Qaida waragize ibitero bitari bike vy’amabombe mu karere ka Hawa Abdi mu mezi arangiye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG