Uko wahagera

Mozambike: Inteko za Reta Zatanye mu Mitwe Bikomeye n'Abagumutse


Prezida wa Mozambique Filipe Nyusi
Prezida wa Mozambique Filipe Nyusi

Mozambique forces in major fighting with insurgents, says president

Prezida w’igihugu ca Mozambike, Felipe Nyusi yatangaje ko inteko za Reta zatanye mu mitwe bikomeye n’abarwanyi bikekwa ko bakorana na Reta ya Kiyislamu. Ni inyuma yuko bagize igitero ku musi wa kane mu gisagara ca Macomia mu ntara itunze bitoro ya Cabo Delgado iri mu buraruko bw’igihugu.

Bwabaye ubwa mbere Reta ya Mozambike yemeza igitero cabereye mu gisagara ca Macomia. Ico gitero kibaye mu gihe abarwanyi bikekwako bakorana na Reta ya Kiyislamu bongereje ibitero mu ntara ya Cabo Delgado. Ivyvo bitero vyatanguye mu mwaka w’i 2017 vyariyongeye mu mezi arangiye.

Macomia nico gisagara ca nyuma gikomeye gitewe kuva abo barwanyi bongereje ibitero vyabo.

Abakwirikirana ibintu bavuga ko ugutana mu mitwe gukomeye hagati y’abo barwanyi n’inteko za Reta kwakwirikiye igitero bagize mu gisagara ca Macomia, catanguye mu masaha ya kare yo ku musi wa kane w’iyi ndwi turangije. Abo barwanyi barasambuye inzu n’inyubako mu gihe ababa mu gisagara ca Macomia bari bahunze.

Fernando Lisboa, musenyeri wo ku murwa mukuru w’intara ya Cabo Delgado, avuga ko abantu amajana n’amajana bashitse muri ico gisagara bavuye mu gisagara ca Macomia mu misi mikeyi irangiye.

Kuva atanguye ikiringo ca kabiri mu mabanga y’umukuru w’igihugu mu kwezi kwa mbere, Felipe Nyusi yiyemeje gukoresha uburyo kurushiriza mu rugamba rw’ukurwanya abagira ibitero mu ntara ya Cabo Delgado.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG