Uko wahagera

Igitero mw'Isoko muri Burkina Faso Cahitanye Abantu 35


Abasirikare ba Reta ya Burkina Faso
Abasirikare ba Reta ya Burkina Faso

Mu gihugu ca Burkina Faso, abantu bitwaje ibirwanisho bari ku mapikipiki bararashe ku bantu bari mw’isoko yo mu gisagara ca Kompienga ku mutaga wo ku musi wa gatandatu w’iyi ndwi turangije. Abantu 25 barahasize ubuzima. Iyo nkuru yatangajwe n’abategetsi b’ico gihugu ku misi w’Imana.

Mu gitero gitandukanye, mu buraruko bw’igihugu, abasivile 5 n’abasirikare 5 barishwe. Abo bantu bose bishwe ku musi wa gatandatu w’iyi ndwi turangije.

Ivyerekeye abagize ico gitero ntibitomoye. Yamara ibitero vy’intagondwa z’abayislamu vyariyongeye mu bihe vya vuba muri Burkina Faso.

Mu gitero gitandukanye, mu buraruko bw’igihugu, abasivile 5 n’abasirikare 5 barishwe.

Abantu 15 barishwe ku musi wa gatanu w’iyi ndwi turangije inyuma y’igitero cakozwe ku modoka zari zitwaye abadandaza mu gisagara kiri mu buraruko bw’igihugu ca Burkina Faso. Iyo nkuru yatangajwe na Reta ku musi wa gatandatu.

Ico gitero cakozwe n’umurwi w’abantu batamenyekanye cakomerekeje abandi bantu batari bake mu gitero cabo. Abandi batari bake irengero ryabo ntiriramenyekana.

Igihugu ca Burkina Faso kiriko kirwanya imirwi y’abantu bitwaje ibirwanisho bakorana n’umurwi al-Qaida na Reta ya Kiyislamu kuva mu mwaka w’i 2017.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG