Uko wahagera

USA: Imyiyerekano kw'Iyicwa rya George Floyd Yarabandanaije ku Musi Ugira 3


Isanamu ya George Floyd mu kibanza igipolisi camwiciyemwo mu gisagara ca Minneapolis muri Reta ya Minnesota muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.
Isanamu ya George Floyd mu kibanza igipolisi camwiciyemwo mu gisagara ca Minneapolis muri Reta ya Minnesota muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Abantu bashavuye baragize imyiyerekano umusi ugira gatatu wu musi wa kane inyuma yuko igipolisi cishe George Floyd, umwirabure mu gisagara ca Minneapolis muri Reta ya Minnesota muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika

Imiriro yarabandanije kwaka, umuntu umwe arapfa mu gisagara ca Minneapolis ku musi wa kane. Ni inyuma y’ijoro rigira kabiri ry’imyiyerekano y’abantu bashavujwe n’iyicwa rya George Floyd yari mu minwe y’igipolisi.

Abari mu myiyerekano baratanye mu mitwe n’igipolisi, barasahura bongera baraturira amamangazini mw’ijoro ryo ku musi wa gatatu ryashiriye ku musi wa kane mu gisagara ca Minneapolis. Igipolisi cakoresheje imyuka ibabaza mu maso n’insoro z’imipira kugira gihagarike ivyariko birononekara.

Iyindi myiyerekano irategekanijwe ku musi wa gatanu ku rupfu rwa George Floyd. George Floyd, yari afise imyaka 46, n’umwe mu birabure batari bake muri Amerika bishwe n’igipolisi mu buryo budasiguritse.

Amasanamu ya video yafashwe n’umuntu arengana ku musi wa mbere yerekanye Floyd ariko amapingu yabuze impemu igihe umupolisi yari amupfukamyeko n’ivi ku gikanu. Yamwangiriza ko yakoresheje inoti y’idolari 20 yiganywe ku kintu yari aguze.

Inyuma uko amaze iminuta itanu umupolisi amupfukamyeko, Floyd ntiyasubiye gusaganya. Yarajanywe mu bitaro aho yatangajwe ko yitavye Imana. Abagira myiyerekano basaba ko haba ubutungane ku rupfu rwa Gerorge Floyd. Basaba ko umupolisi yamwishe na bagenziwe bari kumwe bafatwa, bakagirizwa ivyaha bakongera bagashirwa imbere y’intahe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG