Uko wahagera

Isirayeli: Benjamin Netanyahu Yiyamirije Ivyaha vya Ruswa Yagirizwa


Umushikiranganji wa mbere wa Israel, Benjamin Netanyahu muri sentare
Umushikiranganji wa mbere wa Israel, Benjamin Netanyahu muri sentare

Ivyo yabitangaje igihe yaseruka muri sentare ku musi w’Imana mu ntango y’urubanza rwiwe ku vyerekeye ruswa rwari rurindiwe cane.

Nentanyahu aherutse gushiraho Reta nshasha y’ubumwe inyuma y’ibibazo vya politike vyamaze ikiringo kirenga umwaka, niwe mushikiranganji wa mbere ahanganye n’ivyaha mu gihe akiri mu mabanga yiwe.

Igihe yaseruka muri sentare, Netanyahu yaravuze uwo ari we yongera aremera ko yasomye ivyaha yagirizwa.

Yatangaje ko ata na kimwe yiyagiriza mu kuvuga ko ivyaha yagirizwa vyarementanijwe. Amenyesha ko bigenewe kumukura mu mabanga yiwe y’umushikiranganji wa mbere. Bitegekanijwe ko urubanza rwiwe rumara igihe.

Umushikirizamanza yatangaje ko urubanza rwa Netanyahau ruzobandanya kw’italiki ya 19 y’ukwezi kw’indwi. Yamara ntazoba ariho ari.

Umushikiranganji wa mbere wa Israel, Benjamin Netanyahu, afise imyaka 70 muri iki gihe, yagirijwe icese ivyaha mu kwezi kwa mbere inyuma y’imyaka itari mike y’amatohoza.

Benshi mu bitegereza ibintu bari biyumviye ko ivyaha Netanyahu yagirizwa vyari gutuma ubuzima bwiwe bwa politike burangira. Yamara yagumye ari umuyobozi w’umugambwe, Likud. Akaba yatsindiye ibibanza vyinshi mu matora yabaye mu kwezi kwa gatatu.

Vyari bitegekanijwe ko urubanza rwa Netanyahu rutangura mu kwezi kwa gatatu. Yamara ikiza c’umugera wa Corona catumye rwigizwayo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG