Uko wahagera

Uwundi Murwi Mushasha w'Inzige muri Etiyopiya


Inzige Zateye mu Majyaruguru ya Uganda
Inzige Zateye mu Majyaruguru ya Uganda

Abategetsi muri Etiyopiya barungitse za kajugujugu kucucagira imiti ku murwi mushasha w’inzige zateye ibiterwa kandi zigiye gutuma igihugu kija mu bukene bw’ibifungurwa.

Ikigo ca Amerika kijejwe iterambere mpuzamakungu gishikiriza ko udukoko duharurwa mumamiriyaridi twateye akarere ka Afrika y’ubuseruko mu ndwi ziheze. Abategetsi bavuga ko inzige nyinshi zinjiye mu ntara ya Oromia mu bumanuko bwa Etiyopiya mu ndwi iheze zivuye muri Kenya na Somaliya kandi zatumye ibihumbi vy’abantu bata ingo zabo.

Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku bifungurwa n’uburimyi, FAO rigabisha ko kuva mu kwezi kw’indwi, hazoba uwundi murwi mushasha w’inzige zizokwinjira muri Sudani zivuye muri Arabiya Sawudite. FAO ivuga ko zishobora kuzokwonona ibiterwa hamwe n’indimo abanyagihugu bazeyeko uburaro n’uburamuko.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG