Uko wahagera

Abataliyano Barahiga Kwitwarira Ababashize mu Ngorane za COVID-19


Amasandugu arimwo ibiziga vy'abahitanwe na COVID-19 mu ntara ya Lombardy
Amasandugu arimwo ibiziga vy'abahitanwe na COVID-19 mu ntara ya Lombardy

Ibisagara hamwe n’ibitaro mu buraruko bw’Ubutaliyano biriko biritegurira kwitwarirwa n’imiryango y’abahitanwe n’ikiza ca Corona. Basaba indishi ku makosha yabaye mu gisata c'ubuvuzi, ukutitaho abarwayi hamwe no gutanga amakuru atari yo.

Amasosiyete yahungabanijwe n’ingingo za Guma mu Rugo zashizweho n’abategetsi nayo nyene ariko ariyumvira gushira hamwe ibirego vyuko abategetsi bananiwe guhagarika ikwirakwira rya COVID-19.

Imiryango y’abahitanywe n’ico kiza iharurwa mu majana yo mu ntara ya Lombardy, intara yasinzikaye cane mu Butaliyano, yidogera abategetsi kutavyifatamwo neza. Abantu barenga 25 000 baramaze kwicwa n’umugera wa corona muri ico gihugu.

Ubutungane bw’Ubutaliyano nabwo bwaratanguje amatohoza ku kigo kibamwo abageze muzabukuru mu gisagara ca Milan, ahapfuye abarenga 200.

Abandi bagiye kwitwarirwa n’amasosiyete amwe amwe yo mu Butaliyano ni reta y’Ubushinwa ahaturutse uwo mugera. Avuga ko ariko arakorera hamwe kugira arungike ibirego biri mu murwi umwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG