Uko wahagera

Shampiyona ya Bundesliga mu Budagi Igiye Gusubira Gutangura


Ikipe zo muri shampiyona mu Budagi za Leverkusen na Dortmund mu rukino, kw'itariki 14/09/2019

Shanseliye w’Ubudagi, Angela Merkel yatangaje kuri uyu wa gatatu ko shampiyona y’umupira w’amaguru yo muri ico gihugu Bundesliga ishobora kwongera gutangura mu mpera z’uku kwezi. Bizoba birangije amezi abiri yari aheze izo nkino zarahagaritswe kubera COVID-19.

Merkel yabimenyesheje ahejeje kuganira na baburamatari 16 b’ico gihugu inyuma y’aho abandura ku munsi mu gihugu bigaragaye ko bagabanutse.

Yashikirije kandi ko izo nkino zizoba ata barorerezi mu bibuga, hakomejwe ingingo z’isuku kandi imirwi ikina ibanje kwiyugaranira hamwe mu kiringo kanaka imbere yo kuja mu kibuga gukina.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG