Uko wahagera

Nijeriya Yakuyeho Guma mu Rugo Yari Imaze Iminsi 35


Igihugu ca Nijeriya catezuriye abanyagihugu mu guhagarika amategeko ya Guma mu Rugo yari amaze iminsi 35 mu ma reta ya Abuja, Lagos na Ogun kuri uyu wa mbere bitegetswe na Perezida Muhammadu Buhari.

Buhari yemeje ko Guma mu Rugo yasubije inyuma ubutunzi bwa Nijeriya cane cane ku bikorera utwabo babeshejweho n’ubuzi bwo ku munsi ku munsi.

Iryo tezura rije mu gihe Nijeriya iriko iraronka abandura bashasha benshi. Abandura ku munsi bikuvye incuro zibiri mu ndwi iheze, bituma abanduye muri rusangi barenze 2500 gushika kuri uyu wa mbere.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG