Uko wahagera

Irani Yagirizwa Kwica Impunzi za Afuganistani


Abategetsi muri Afuganistani bariko baratohoza amakuru avuga ko abasirikare ba Irani bacungera imbibe bakubise, baboreza igufa abanyefuganistani barenga cumi bariko baragerageza kujabuka urubibe babata mu ruzi.

Abo bategetsi bavuga ko ibiziga bishika kuri 12 vyarobwe mu ruzi mu ntara ya Heart abandi umunani ntibazwi irengero. Abashika 70 bavugwa ko ari bo bakubaguwe, mu gihe Abatalibani bo bashikiriza igitigiri ca 23.

Abadiplomate ba Irani muri Afuganistani bemeye ko bagiye gutohoza kuri ayo makuru ariko barahakana ivyo vyagiriji.

Irani ihaye indaro abanyefuganistani baharurwa mu miliyoni zitatu, barimwo abinjiye hamwe n’abatinjiye mu gihugu hisunzwe amategeko.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG