Uko wahagera

HCR: Abanyesudani y'Epfo Amamiliyoni Bashobora Kwandura COVID-19


Umuforoma muri Sudani y'epfo ariko arafata ibipimo vy'uwukekwa kuba yaranduye COVID-19 i Juba. Kw'itariki 13/04/2020
Umuforoma muri Sudani y'epfo ariko arafata ibipimo vy'uwukekwa kuba yaranduye COVID-19 i Juba. Kw'itariki 13/04/2020

Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku mpunzi, HCR riragabisha ko hashobora kuba ingaruka mbi kumamiliyoni y’abanyesudani y’epfo igihe COVID-19 yoshinga imizi igakwirakwira mu gihugu.

Umuvugizi wa HCR, Babar Baloch avuga ko gushika ubu abantu 35 bamaze kwemezwa ko banduye uwo mugera muri Sudani y’epfo. Ariko ko mu gihe uwo mugera worandagata, ibintu vyoyangara na nyaburya ico gihugu kirimwo umuliyoni 1.7 w’abanyagihugu bateshejwe ingo zabo babayeho mu buzima bubi cane.

Balloch avuga ko amakungu akwiye gukora ibishoboka kugira akinge akaga k’uwo mugera muri ico gihugu. HCR isaba amakungu imfashanyo ingana n’imiliyoni 179 z’amadolari y'abanyamerika akenewe kugira abanyagihugu bakenye bashobore gufashwa muri Sudani y’epfo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG