Umukuru w’ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu bijejwe agateka ka zina muntu, asaba amareta yo kw’isi kwubahiriza uburenganzira bwa muntu muri ibi bihe vyo kurwanya ikiza ca Corona.
Michelle Bachelet yashikirije kuri uyu wa mbere ko amategeko yo kwirinda ikwirakwira rya COVID-19 adakwiye kuba nk’ikirwanisho amareta akoresha mu guhohotera abatavuga rumwe nayo, kugenzura ubuzima bw'abanyagihugu no kwigumiza ku butegetsi.
Uwo mutegetsi avuga ko kurasa, gufunga abarenze ku masaha yo gutaha mu ngo kuko bari kurondera ibifungurwa biteye kubiri n’amategeko kandi bikwiye guhagarikwa.
Ibihugu nka vyose kw’isi vyarashize abanyagihugu muri "Guma mu Rugo" mu twigoro two guhagarika ikwirakwira rya COVID-19.
Facebook Forum