Uko wahagera

Abanyororo Ibihumbi Barekuwe muri Kameruni Kubera COVID-19


Abanyororo mw'ibohero rya Kondengui i Yaoundé, muri Kameruni, Kw'itariki ya 23/07/2019
Abanyororo mw'ibohero rya Kondengui i Yaoundé, muri Kameruni, Kw'itariki ya 23/07/2019

Abanyororo baharurwa mu bihumbi muri Kameruni barasubijwe mu buzima busanzwe nkuko vyasabwe na Perezida Paul Biya, inyuma y’aho reta itangarije ko umugera wa Corona uriko urakwirakwira kandi abanyororo ni bamwe mu mirwi ibangamirwa cane.

Gushika ubu reta ntiratangaza igitigiri nyakuri c’abanyororo bamaze kwandura, ariko ivuga ko abantu barenga 1 500 bapimwe ko banduye COVID-19 muri Kameruni mu mezi ari munsi y’abiri, n’abantu barenga 50 bamaze gupfa.

Abanyororo 1 400 ni bo barekuwe mu mabohero ya Bamenda, Bafoussam, Bertoua na Buea, ariko abapfunzwe bagirizwa guharanira ukwigenga kw'intara zivugwamwo Icongereza hamwe n’abategetsi bagirizwa kurya ibiturire ntibegwa n’iryo tegeko rya perezida.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG