Uko wahagera

Abari Barwaye COVID-19 Bose Baratahutse muri Wuhan


Umuforoma akurikirana abarwayi muri Wuhan, mu ntara ya Hubei. Ifoto yafashwe kuwa 16/02/2020.

Abarwayi bose bari mu bitaro mu gisagara ca Wuhan mu Bushinwa kubera umugera wa Corona baratahutse bose mu mihana yabo, nkuko vyashikirijwe n’abategetsi b’Ubushinwa kuri uyu w’Imana.

Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu, OMS ryagabishije ku musi wa gatanu ko ata cemeza c’uko abakize COVID-19 badashobora kuzongera kwandura ubugira kabiri. OMS yabishikirije mu gihe abanduye kw’isi barenga imiliyoni 2.8 hamwe n’abapfuye barenga 200 000.

Ni mu gihe mu bindi bice vy’isi nka hose ibihugu bikigendera ku mategeko ya Guma mu Rugo vyishiriyeho mu twigoro two guhagarika ikwirakwira ry’uwo mugera.

Ibihugu birimwo Reta zunze ubumwe z’Amerika biza vyaratanguye gutezura buhoro buhoro ku mategeko ya Guma mu Rugo kugira bitangure kunagura ubutunzi bwasubiye inyuma. Reta za Georgia, Oklahoma, Florida na Carolina y’epfo ziri muzatanguye uyo mugambi, mu gihe izindi zitegekanya iyo gahunda yo gutezura muri iyi ndwi.

Amerika niyo iza ubwa mbere aho abantu barenga 900 000 bamaze kwandura COVID-19, hafi ica gatatu c’abanduye kw’isi hose. Ninaho hamaze gupfa benshi barenga 53 000 ugereranije n’ibindi bihugu kw’isi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG