Uko wahagera

DRC: Ne Muanda Nsemi Aharanira Intwaro ya Cami Yahagaritswe


Zacharie Badiengila alias Ne Muanda Nsemi ku kiga c'igiporisi ku murwa mukuru Kinshasa. I Kinshasa, itariki 24/04/2020.
Zacharie Badiengila alias Ne Muanda Nsemi ku kiga c'igiporisi ku murwa mukuru Kinshasa. I Kinshasa, itariki 24/04/2020.

Igipolisi muri Republika ya demokarasi ya Congo cahagaritse uno musi ku wa gatanu Ne Muanda Nsemi, yigize intumwa n’umuyobozi w’ishengero Bundu dia Kongo rishaka gusubizaho intwaro ya cami y’abanyekongo yigeze kuba ku nkengera z’aho uruzi Kongo rwisuka mw’ibahari Atlantike.

Intwaro ya cami y’abanyekongo yamaze imyaka amajana n’amajana imbere y’umuzo w’intwaro ya gikoloni ku nkengera y’aho uruzi Kongo rwisuka mw’ibahari Atlantike.

Ihagarikwa rya Ne Muanda Nsemi ribaye inyuma y’ugutana mu mitwe hagati y’abanywanyi biwe n’igipolisi kwabaye ku musi wa gatatu mu ntara ihana urubibe n’umurwa mukuru, Kinshasa. Abanywanyi biwe 14 barahasize agatwe.

Nsemi, yahoze ari umushingamateka, afise abantu benshi bamushigikiye mu burengero bwa Congo. Akaba yarageramiye amareta yagiye arakwirikirana mu gihugu.

Yarahagaritswe mu mwaka aw’i 2017 inyuma yuko ayoboye imyiyerekano y’ukwiyamiriza prezida w’ico gihe, Joseph Kabila. Yarabohojwe n’abanywanyi biwe amezi 2 inyuma y'aho.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG