Uko wahagera

USA Igiye Kuba Irahagaritse Kwakira Abimukira Kubera COVID-19


Umunyayemeni yerekana ko yimwe Visa yo kwinjira muri Amerika ku kibuga c'indege mpuzamakungu c'i Washington, Virginia, kw'itariki 06/02/2017
Umunyayemeni yerekana ko yimwe Visa yo kwinjira muri Amerika ku kibuga c'indege mpuzamakungu c'i Washington, Virginia, kw'itariki 06/02/2017

Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika Donald Trump ashikiriza ko agiye kuba arahagaritse mu kiringo c'iminsi 60 abimukira baza muri Amerika kubera ikiza ca corona.

Mu butumwa ku rubuga Twitter kuri uyu wa kabiri, Trump yavuze ko Amerika yatewe n’umwansi ataboneka kandi ko Amerika ikwiye gukingira ubuzi bw’abanyagihugu bayo.

Nta bisobanuro birenze yatanze ariko yamenyesheje ko iyo ngingo izofatwa biciye mw’itegeko ry’umukuru w’igihugu. Iyi ngingo mu gihe yoshirwa mu ngiro izokora ku bimukira ibihumbi amajana baza bafise amaviza yo gukora muri Amerika hamwe n’abandi bari bizeye kuzokwinjira biciye mumatombola ya buri mwaka yiswe “Green cards Lottery" mu congereza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG