Uko wahagera

Sudani y'Ubumanuko, Abatavuga Rumwe n'Ubutegetsi Bacanyemwo


Umukuru w'abatavuga rumwe n'ubutegetsi muri Sudani y'Epfo Riek Machar n'umugore wiwe Angelina Teny.

Abanywanyi batari bake b’umugambwe utavuga rumwe n’ubutegetsi muri Sudani y’ubumanuko biyunze n’umugambwe uri ku butegetsi urongowe na Perezida Salva Kiir. Umwe muri bo yagiriza icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, Riek Machar kuba yagize abatavuga rumwe na reta nk’umuryango wiwe w’ubwami.

Umwe muri bo, Dak Duop Bichiok, yahoze ari mu biro vya poritike vy’uyo mugambwe SPLM-IO, yatangaje mu ndwi iheze ko we n’abandi baharurwa mu majana bari mu mahanga bamuyoboka batanze imihoho. Uwundi yiyonkoye ni Yien Thiang, yavuze ko Machar akundwakaza abo mu muryango wiwe mu kugena abategetsi kandi akoresha nabi ubutunzi bw’umugambwe.

Ico cuka kibi catanguye inyuma y’aho umutambukanyi wa Machar, Angelina Teny, agenewe mu kibanza c’umushikiranganji wo kwivuna abansi muri reta y’ubumwe mfatakibanza ya Sudani y’ubumanuko.

Abakurikirana poritike y’ico gihugu bavuga ko mu gihe atacohinduka, Machar ashobora kwisanga ari inyakamwe mu mugambwe SPLM-IO.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG