Uko wahagera

Isirayeli Bumvikanye kuri Reta y'Ubumwe


Inyuma y’incuro zitatu z’amatora atashoboye kudadanura umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli Benjamin Netanyahu na mukeba wiwe Benny Gantz, abo bagabo babiri kuri uyu wa mbere bahavuye barumvikana kuri reta y’ubumwe.

Netanyahu, aserukiye umugambwe Likud, azoguma ari umushikiranganji wa mbere, nawe Gantz umukuru w’umugambwe Blue and White abe umushikiranganji wo kwivuna abansi n’icegera c’umushikiranganji wa mbere. Inyuma y’amezi 18, Gantz azoca aba umushikiranganji wa mbere.

Uyu mwumvikano watangaje abatari bake mu banywanyi ba Gantz, mu gihe yamye avuga ko atazokwicarana na Netanyahu ku butegetsi kuko ngo ariko arakurikiranwa n’ubutungane.

Aya masezerano akuyeho ikindi kiringo c’amatora kigira kane cari gitegekanijwe kuzoba inyuma gato y’umwaka. Vyitezwe ko yemezwa n’inama nshingamateka, imitwe yose ikoranye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG