Uko wahagera

Ihohoterwa ry'Abanyafrika mu Bushinwa Kubera COVID-19


Abanyafrika baba mu Bushinwa
Abanyafrika baba mu Bushinwa

Ubushinwa bwiyemeje kwisubirako ku mabi akorerwa abanyafrika mu gisagara ca Guangzhou mu bumanuko bw’ico gihugu. Ni inyuma y’aho amakungu aviriye hasi yiyamiriza ivangura n’amacakubiri ashingiye ku rukoba bikorerwa Abanyafrika mur’ico gihugu muri iki gihe c’ikiza ca Corona.

Abanyafrika baba mu Bushinwa bavuga ko bahohoterwa, birukanwa mu mazu, bashirwa mu bibanza vya bonyene ku nguvu no gupimwa kivunga umugera wa Corona ata bushake bwabo. Ni mu gihe Ubushinwa bwafashe ingingo yo kurwana n’abinjiza uwo mugera bavuye ahandi.

Ishirahamwe ry’ubumwe bw’Afrika ku musi wa gatandatu ryarashikirije amakenga ku bikorerwa Abanyafrika mur’ico gihugu. Reta zunze ubumwe z’Amerika nayo yashikirije ko hari urwanko ku banyamahanga b’Abanyafrika bikorwa n’abategetsi b’Ubushinwa.

Raporo za mbere z'ivyo bikorwa bigayitse zagiye ahabona inyuma y’aho abategetsi mu gisagara ca Guangzhou bashikirije ko abantu bashika umunani basanze baranduye Corona basanze barabaye mu gice c’ico gisagara cataziriwe “Little Africa" canke "Ka Afrika Gato”. Batanu muri bo ni Abanyenijeriya bagirijwe ko barenze amategeko yo kwiyugaranira mu ngo zabo, baja mu mazu y’uburiro no mu bindi bibanza bikoranirirwamwo abantu benshi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG