Uko wahagera

ONU mu Myiteguro yo Kurwanya COVID-19 mu Makambi y'Impunzi muri Nijeriya


Ikambi y'impunzi y'i Maiduguri, muri Nijeriya.
Ikambi y'impunzi y'i Maiduguri, muri Nijeriya.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU muri Nijeriya ryongereje ikiringo co gukinga hamwe n’ingingo zo kwitegurira ikiza ca Corona gishobora gutera mu makambi y'impunzi yo mu buraruko bushira ubuseruko bw’ico gihugu. Ico gice kirimwo impunzi ibihumbi amajana zahunze ubwicanyi bw’umuhari w’iterabwoba wa Boko Haram.

Iyo myiteguro iriko ibera mu makambi ya Maiduguri, Jere, Bama, Banki, Pulka, Gwoza, na Gubio.

Ako karere ntikaragaragaramwo uwanduye uwo mugera, ariko abakozi bakora mu bisata bitanga imfashanyo bafise ubwoba ko uwo mugera ushobora gutikiza inganda mu gihe woshika muri ayo makambi abamwo amasinzi y’impunzi.

Impunzi zigereranywa ko zingana n’umuliyoni 1.8 zarakuwe mu ngo zabo kandi ziba mu buzima bubi cane.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG