Uko wahagera

Isirayeli: Netanyahu Akeka ko Yoba Yaranduye COVID-19


Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli Benjamin Netanyahu hamwe n'uw'amagara y'abantu, Yaakov Litzman i Kiryat Malachi, muri Isirayeli.
Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli Benjamin Netanyahu hamwe n'uw'amagara y'abantu, Yaakov Litzman i Kiryat Malachi, muri Isirayeli.

Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli, Benjamin Netanyahu, umukuru w’urwego Mossad rujewe umutekano hamwe n’abandi bategetsi bahisemwo kuguma mu ngo zabo. Ni inyuma y’aho umushikiranganji w’amagara y’abantu w’ico gihugu asuzumiwe agasanga yaranduye umugera wa Corona.

Uwo mushikiranganji ari mu muryango w’aba Orthodox, wanse gukurikiza ingingo ya reta yo kwirinda amakoraniro y’abantu benshi.

Netanyahu asubiye kwifunganira mu rugo iwe mu gihe yari amaze indwi mu rugo ku ngingo ya reta.

Reta ya Isirayeli yarabujije amakoraniro yose y’abantu benshi, arimwo mu bibanza vyeranda. Ariko amasinagogi, amashure yigisha inyigisho z’amadini, vyagumye vyuguruye gushika igiporisi gitanguye kuvyugara mu misi iheze.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG