Uko wahagera

Sudani y'Epfo: Abanyagihugu Basabwa Kubabarira Ababiciye Ababo


Perezida wa Sudani y'ubumanuko, Salva Kiir hamwe n'uwahoze ari icegera ciwe Riek Machar.

Reta nshasha y’ubumwe muri Sudani y'ubumanuko isaba abanyagihugu gukorera hamwe bagana ku gusubiza hamwe no kubabarira abakoze ubwicanyi. Ni inyuma y’imyaka ico gihugu camaze mu ntambara hagati y’abonse rimwe.

Abanyagihugu muri Sudani y’Ubumanuko baciye mu myaka irenga cumi mu ntambara. Izo ntambara zasize inkovu mu gihugu.

Mu kwezi kwa kabiri, abanyeporitike batacana uwaka, Perezida Salva Kiir n’uwahoze ari icegera ciwe Riek Machar barahavuye bashinga reta y’ubumwe inyuma y’umwaka urenga bari mu biganiro.

Reta ishikiriza ko iriko irateza imbere akarangamutima k’Abanyafrika, ko kubabarirana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG