Uko wahagera

Papa Fransisiko Asaba ko Intambara Kw'Isi Zihagaragara


Papa Francisiko i Vatikano.
Papa Francisiko i Vatikano.

Papa Francisiko, umwungere wa Ekleziya Katolika kuri uyu w’Imana yarifatanije n’umunyamabanga mukuru wa ONU Antonio Guterres mu gusaba ihagarikwa ry’intambara zose kw’isi kugira amakungu ashobore gushira inguvu hamwe mu kurwanya ikiza ca Corona.

Papa yabishikirije mu mihezagiro ashikiriza buri ndwi aho ari i Vatikano. Ako kamo Guterres yagateye ku musi wa mbere w’indwi iheze.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ririko riragerageza kuganira kugira intambara zihere muri Siriya, Yemeni, na Libiya.

Guterres yagabishije ko ibisata vy’amagara y’abantu mur’ivyo bihugu vyasinzikajwe cane n’intambara ku buryo umugera wa Corona ushitseyo ata n’umwe wosigaza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG