Abanyagihugu biyandikishije gutora muri Mali bazindukiye kuri uyu w’Imana gutora abashingamateka 147 bazobaserukira.
Aya matora muri iki gihugu co mu burengero bw’Afrika catabaguye n’intambara yari kuba inyuma y’itorwa rya Perezida Ibrahim Boubacar Keita mu mwaka wa 2018. Yarungurujwe akatari gake ku mpungenge zijanye n’umutekano.
Umugera wa Corona wabaye kimwe mu vyatumye abanyagihugu batayitabira ku bwinshi kubw’ubwoba bw’ico kiza.
Ni mu gihe ku musi wa gatandatu, ico gihugu catangaje umuntu wa mbere yahitanywe na Corona ku bantu 18 bari bamaze kumenyekana ko bawanduye.
Facebook Forum