Uko wahagera

USA Yagiriza Maduro wa Venezuela Urudandazwa rw'Ibiyayura Mutwe


Perezida wa Venezuela Nicolas Maduro mu kiganiro n'abamenyeshamakuru ku murwa mukuru Caracas, kw'itariki 12/03/2020.

Ubushikiranganji bw’ubutungane muri Reta zunze ubumwe z’Amerika kuri uyu wa kane bwatangaje ko perezida wa Venezuela, Nicolas Maduro yegetsweko ivyaha vyo kugira uruhara mu rudandazwa rw’ibiyayura mutwe n’iterabwoba.

Ivyo vyaha vyegetswe kandi no ku bandi bategetsi bo hejuru muri ico gihugu. Bagirizwa gukorana n’umurwi FARC w’abanyekolombiya mu rudandazwa rwa Cocaine muri Amerika.

Mu butumwa ku rubuga rwiwe rwa Twitter, Maduro yavuze ko Amerika na Colombiya bunze umugambi wo kurwanya Venezuela.

Ibi vyagiriji bije kwongereza icuka kibi cari kihasanzwe hagati ya Venezuela n’Amerika. Imigenderanire hagati y’ivyo bihugu bibiri yatosekaye mu mwaka uheze, inyuma y’aho reta ya Donald Trump yemereje Juan Guaido atavuga rumwe n’ubutegetsi ko ari we umukuru w’igihugu w’imfatakibanza. Mu nyuma Amerika yaciye ifatira Venezuela ibihano vy’ubutunzi bitumbereye gukura Maduro ku butegetsi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG