Uko wahagera

Uburusiya Bwasibije Itora kw'Ibwirizwa Shingiro Kubera Corona


Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya mu nama i mu biro vyiwe i Moscow, mu Burusiya, Kw'itariki 17/03/2020.

Perezida w’Uburusiya Vladimir Putin yunguruje itora kw’ihinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro ryari ritegekanijwe kw’itariki ya 22 z’ukwezi kwa kane kubera ikiza ca Corona. Iryo bwirizwa shingiro rishasha, mu gihe rizotorwa rikazokwemezwa rishobora kumurekurira kuguma ku butegetsi gushika mu mwaka wa 2036.

Putin yashikirije kuri uyu wa gatatu, ko irindi sango rishasha ry’iryo tora rizoshingwa hisunzwe impanuro z’abahinga muvyo amagara y’abantu.

Putin yashikirije ivyo, igihe reta yiwe yari ihejeje gutangaza ko abanduye Corona bashitse ku barenga 650, mu ntara 55 zigize igihugu c'Uburusiya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG