Uko wahagera

Guterres Asaba Ihagarikwa ry'Intambara Kw'Isi Muri ibi Bihe Vya Corona


Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU Antonio Guterres yasavye ejo ku wa mbere ko intambara ziriko zibera mu bice bitandukanye kw’isi zohagarara, mu gihe amakungu ahanganye n’ikiza c’umugera wa Corona.

Guterres yasavye abarwana gucecekesha inkoho zabo, guhagarika ibitero vy’indege, kugira haboneke umuhora wo gutanga imfashanyo n’uwa kidipolomasiya.

Mu gihe ikiza ca Corona cerekanye umuvuduko munini mu ndwi ziheze, intambara hamwe n’indyane zifatiye ku moko muri Siriya, Yemeni, Libiya, Sudani y’ubumanuko n'ahandi ntizirahagarara.

Hagati aho amamiliyoni y’abanyagihugu barateshejwe ingo zabo abandi bahunga ibihugu vyabo kw’isi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG