Uko wahagera

Uburundi Bwahagaritse Ingendo z'Indege Zitwara Abantu


Umushikiranganji w'umutekano w'Uburundi Alain Guillaume Bunyoni.
Umushikiranganji w'umutekano w'Uburundi Alain Guillaume Bunyoni.

Uburundi bwafashe ingingo yo guhagarika ingendo z’indege zunguruza abantu ziciye ku kibuga c'indege mpuzamakungu kimwe ico gihugu gifise kuva kuri uyu wa mungu.

Iyo ngingo igamije gukumira ikiza ca virusi ya corona izomara n’imiburiburi indwi imwe.

Ivyo vyatangajwe n'umushikiranganji w'umutekano w'Uburundi Alain Guillaume Bunyoni.

Uwo mushikiranganji anamenyesha ko umuntu wese atazokurikiza amabwiriza yatanzwe n'ubushikiranganji bw'amagara y'abantu azofatwa nk'umugarariji.

Mw’itangazo yasohoye kuri uyu wa gatanu Bunyoni yibukije ko ikiza c’umugera wa corona cugarije isi muri kino gihe kinabangamiye umutekano wayo.

Bwana Bunyoni yanasavye abajejwe umutekano kwitwarika aho bari hose kuraba ko ingingo zagenywe mu rugamba rwo kwikingira no kugwanya ikwiragizwa ry’umugera wa corona ziriko zirashirwa mu ngiro.

Ku musi wa kane, umushikiranganji ajejwe imigenderanire yari yatangaje ko Uburundi buhagaritse gutanga impusha ku banyamahanga bifuza kwinjira mu gihugu mu kurindira kuraba umurindi w’umugera wa corona uko ugenda.

Kuri uyu wa gatanu kandi, umushikiranganji w’amagara y’abantu yasohoye urwandiko asaba Abarundi bari hanze y’igihugu muri kino gihe hamwe n’abanyamahanga bari basanzwe batse indaro mu Burundi batari ku butaka bw’igihugu ubu, kuba barabangiriye gutaha.

Uwo mushikiranganji avuga kandi ko uwutazovyubahiriza aramutse atahutse ari we azirihira amafaranga y’uburaro n’ibimubeshaho mu mwanya azomara mu kibanza cegeranirizwamwo abantu bamaramwo n’imiburiburi imisi 14 basuzumwa ko ata mugera wa corona bafise.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG