Uko wahagera

Imbohe mu Butaliyano Zishobora Guhonywa n'Umugera wa Corona


Italy Coronavirus
Italy Coronavirus

Igihugu c’Ubutaliyano gisabwa kurekura imbohe zirenga 10000 ziri mu mabohera arimwo imbohe z’umurengera. Vyashikirijwe n’abaharanira uburenganzira bwa muntu, mu gihe reta iriko irarwana kugira umugera wa Corona ntuhonye abari mu mabohero.

Amabohero cumi mu Butaliyano aramaze kubonekamwo abanduye uwo mugera wa Corona, ushobora kwandukira biciye ku kwegerana.

Ubushikiranganji bw’ubutungane bwabishikirije ku musi wa kabiri, imbere yuko reta isinya amategeko masha arekura imbohe zitabangamiye umutekano gupfungishwa mu mihana yabo icamaso.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG