Uko wahagera

USA:Ubwato Burimwo Ibitaro mu Gufasha Abagwayi ba Corona


Ubwato bw'Amerika burimwo ibitaro, California
Ubwato bw'Amerika burimwo ibitaro, California

Igisirikare ca Reta zunze ubumwe z’Amerika kigiye kuzorungika ubwato bwaco bubiri burimwo ibitaro buzofasha abaganga kandi burimwo ibitanda ku barwayi b’umugera wa Corona.

Ubwo bwato buriko burategurwa buzorungikwa ku kivuko c’i New York mu ndwi ziri imbere, nkuko vyashikirijwe n’umuvugizi w’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi, Jonathan Hoffman kuri uyu wa gatatu.

Ico gisirikare kimenyesha kandi ko categuye abasirikare bameze magabo bazorungikwa kwubaka ibitaro mfatakibanza mu bice bitandukanye vy’Amerika mu gihe vyoba nkenerwa.

Igisirikare kirwanira mu kirere naco kiriko kirafasha gutwara ibikoresho vyo gupima mu bice bibangamiwe cane, nkuko babivuga.

Gushika ejo kuwa gatatu, igisirikare c’Amerika catangaje ko 89 ari bo bamaze kwandura aho bari kw’isi yose, barimwo abasirikare, abakozi babafasha hamwe n’imiryango yabo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG