Uko wahagera

Reta ya Nijeriya Yishe Abarwanyi ba Boko Haram 50


Abarwanyi ba Boko Haram hafi y'igisagara ca Kumshe, muri Nijeriya, May 6, 2017.
Abarwanyi ba Boko Haram hafi y'igisagara ca Kumshe, muri Nijeriya, May 6, 2017.

Abarwanyi 50 b’umuhari w’iterabwoba wa Boko Haram wo muri Nijeriya barishwe mu gitero bakorewe mw’ijoro ryo kuw’Imana mu bumanuko bushira ubuseruko bw’igihugu kubanyi ca Nijeri. Aya makuru yashikirijwe na reta ya Nijeriya kuri uyu wa mbere.

Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwatangaje ko abarwanyi ba Boko Haram bitwaje ibirwanisho biremereye bari mu modokari zishika 20 basotoye abasirikare ba reta ku kirindiro ca Toummour, mu ntara ya Diffa. Ubwo bushikiranganji bwavuze kandi ko umusirikare umwe yahasize ubuzima.

Intara ya Diffa ihaye indaro impunzi zishika ku 120000 zo muri Nijeriya zahunze ubwicanyi bwa Boko Haram.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG