Uko wahagera

Igitero Cahitanye Abantu 17 mu Gisagara ca Lagos muri Nijeriya


Ibyotsi by'umukara bivumbuka ahaturikiye ibyuka
Ibyotsi by'umukara bivumbuka ahaturikiye ibyuka

Abategetsi mu gisagara ca Lagos mu gihugu ca Nijeriya batangaje uno musi ku wa mbere ko igitigiri c’abahitanywe n’ibyuka vyaturitse cashitse ku bantu 17. Iturika ry’uwo mwuka utanga inguvu, ryabereye hafi y’umuringoti utwara ibitoro, ryasambuye inyubakwa zitari nke, amakamyo n’izindi modoka mu gice kibamwo abanyagihugu mu gisagara ca Lagos ku musi w’Imana.

Ibiziga vy’abantu 17 ni vyo bimaze gutorwa gushika ubu mu bisigarira vy’ivyasambuwe. Abandi bantu 25 barakomeretse bavuriwe aho bakomerekeye. Reta ya Lagos yatangaje ko abakozi bajejwe gutabara bari bakiriko barakuraho ibisigarira vy’ivyasambutse. Utwigoro two kumenya inkomoko y’iturika ry’umwuka utanga inguvu vyatumye abantu batari bake batagira aho bakika umusaya turiko turaba.

Iturika ry’imiringoti n’amakamyo bitwara ibitoro ni ibintu bikunda kuba mu gihugu ca Nijeriya. Impanuka nyinshi zikunda kuba igihe abanyagihugu baba bariko bagerageza kuvoma ibitoro mu miringoti ibitwara.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG