Uko wahagera

Urubanza rwa Netanyahu Rwungurujwe Kubera Corona


Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli Banjamin Netanyahu
Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli Banjamin Netanyahu

Sentare muri Isirayeli kuri uyu w’Imana yunguruje urubanza rw’umushikiranganji wa mbere Benjamin Netanyahu kubwo ikiza ca Corona.

Netanyahu ni we mushikiranganji wa mbere yagirijwe ivyaha muri Isirayeli, vyari bitegekanijwe ku arenguka imbere ya sentare kuri uyu wa kabiri ku vyaha vya ruswa, no gupfumbatisha.

Irindi sango ryungururijwe mu kwezi kwa gatanu kw’itariki 24 nkuko sentare yabitangaje. Isirayeli imaze kubonekamwo abanduye Corona 200, mu gihe ibihumbi vy’abanyagihugu basabwe kuguma mu mihana yabo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG