Uko wahagera

Al Shabab Irigamba Kuba Yarishe Abasirikare 2 b'Abarundi


Umuvugizi wa Al Shabab Sheik Muktar Robow Abu Mansur (agira kabiri i buryo, asohotse ahejeje gutanga ikiganiro
Umuvugizi wa Al Shabab Sheik Muktar Robow Abu Mansur (agira kabiri i buryo, asohotse ahejeje gutanga ikiganiro

Umuhari w’iterabwoba wa Al-Shabab utangaza ko wigaruriye igisagara ca Dif kiri ku rubibe Somaliya ihana na Kenya, kandi ko wagavye ibitero bine ku basirikare b’Uburundi bo mu nteko za AMISOM.

Nkuko biri ku rubuga rwa internet “SITE Intelligence Group”, uwo muhari ushikiririzako ibitero ugaba, Al Shabab yashikirije ko ivyo bitero vyabaye muri uku kwezi kwa gatatu, hagati y’amatariki ya 5 na 11.

Al -Shabab ishikiriza ko muri urwo rukurikirane rw’ivyo bitero abasirikare babiri b’Abarundi bo mu nteko za AMISOM zagiye kubungabunga umutekano muri Somaliya bapfuye uwundi umwe arakomereka. Abo basirikare bari mu gisagara ca Mahaday kiri mu ntara ya Shabelle, mu bumanuko bwa Somaliya.

Gushika ubu yaba reta ya Somaliya canke umurwi wa AMISOM nta n'umwe aragira ico avuze kuri aya makuru yashikirijwe na Al-Shabab.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG