Uko wahagera

Abantu 10 Barishwe n'Abitwaje Inkoho Muri Mali


Abasirikare ba Mali mu bikorwa vyo gukizura akarere mu gisagara ca Djenne hagati muri Mali, Kw'itariki 28/02/2020.
Abasirikare ba Mali mu bikorwa vyo gukizura akarere mu gisagara ca Djenne hagati muri Mali, Kw'itariki 28/02/2020.

Abantu bitwaje inkoho bataramenyekana barishe abantu 10 bongera baraturira imihana yabo hagati muri Mali. Vyashikirijwe n’abategetsi bo muri ako karere vyabereyemwo kuri uyu wa gatatu.

Ico gitero cabaye ku musi wa mbere mu mihana ya Kourkanda hafi y’urubibe Mali ihana na Burkina Faso, nkuko bishikirizwa na Youssouf Togo, umutegetsi w’ako karere.

Akarere ko hagati muri Mali kamyemwo indyane zifatiye ku moko kuva mu mwaka wa 2012. Izi ndyane zimaze guhitana ubuzima bw’abantu baharurwa mu bihumbi, n’abarenga umuliyoni bahungiye mu bihugu bibanyi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG